Umunye politike yahoze mu mugwi Al Shabab yakuwe ku rutonde rw'abitoza muri Somalia

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abajejwe intwaro muri Somalia bakuye ku rutonde rw'abitoza mu matora yo mu ntara, uwahoze ari umuvugizi w'umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al Shabaab.
Mukhtar Robow, yishikikanye ku ruhande rwa leta mu mwaka uheze, yari yabanje kwemererwa kw'itoza n'umugwi w'intara ujejwe amatora.
Mu ndwi iheze yarafashwe, bikwega imvururu zaguyemwo abantu bashika cumi n'umwe eka mbere hari n'umushikiranganji yatanze imihoho kubera iyo mvo.
Leta ya Somalia ubu ivuga ko Mukhtar Robow atemerewe kwitoza kubera impamvu z'ukuntu bitunganijwe.
Abanyamakuru bavuga ko ashigikiwe cane ngo kandi bishitse uyu yahoze ari umurwanyi akaba umukuru w'intara y'ubumanuko bushira uburengero, yobangamira ibikorwa vya leta isanzwe ifise intege nkeyi.






