Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Impanuka y'itereni yishe 9 i Ankara muri Turukiya
Umushikiranganji wo kwunguruza abantu n'ibintu yavuze ko impanuka y'itereni inyaruka cane yabereye ku gituro c'i Ankara muri Turukiya yishe nimiburiburi abantu icenda, ikomeretsa 47.
Ku mashusho yaho yabereye ubona abatabazi bagerageza kurokora abantu mu vyumba vyononekaye.
Mu makuru ava mu butegetsi, bivugwa ko iyo tereni inyaruka cane yasekanye n'iyindi yariko iragenzura inzira z'indarayi.
Iyo mpanuka yabaye 06:30 mu masaha yo muri ico gihugu.
Iryo sanganya ryabereye ku gituro c'itereni ca Marsandiz, ku birometero 8 uvuye ku gituro gikuru ca Ankara.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, buramatari wa Ankara, Vasip Sahin yavuze ko iyo tereni yarivuye Ankara ija Konya mu bumanuko bw'igisagara, igihe isekanye n'iyindi isuzuma ingene indarayi zifashe.
Abashoferi batatu b'itereni bari muri abo bantu icenda bapfuye, nkuko vyashikirijwe n'umushikiranganji wo gutwara abantu n'ibintu Cahit Turhan.
Ikinyamakuru ca leta Anadolu cavuze ko yari itwaye abantu 206 igiye c'impanuka, ko batatu mu bakomeretse baremvye.
Inyuma y'iryo sanganya, abakozi benshi bo mu bigo vy'ubutabazi baciye bahashika, mu gihe hari hanaguye n'urubura.
Muri kino gihe ibikorwa vyo kurondera abagihema birabandanya. Ibiro vy'umushikirizamanza mukuru wa Ankara bikaba vyatanguje itohoza ryo kumenya ivyateye iyo mpanuka.
Mu kwezi kw'indwi, abantu 24 barapfuye muri Turukiya, igihe itereni barimwo ivuye mu gisagara ca Kapitule ija Istanbul itereye inzira.