Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indege itwaye ingenzi 60 yagize isanganya muri Irani
Indege itwaye niburiburi ingenzi 60 yatibutse mu misozi iri hagati mu gihugu ca Irani, niko ibinyamakuru bivuga.
Iyo ndege yakorokeye mu misozi ya Zagros hafi y'igisagara ca Semiron mu ntara ya Isfahan, igihe yari igurutse ivuye Teheran igiye mu gisagara ca Yasuj, kiri mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu, nkuko amakuru avuga.
"Ibigo vyose vy'abatabazi vyahagurukishijwe," nkuko umuvugizi wavyo avuga.
Indege ya kajugujugu yarondera gushika aho iryo sanganya ryabereye, ntiyashoboye kugerayo kubera igicu kibi.
Ubutegetsi ntaco burashikiriza ku boba bahatakarije ubuzima.
Iyo ndege vyemezwa ko ari iyo mu bwoko bwa ATR 72-500, ni iy'ishirahamwe Aseman Airlines.
Amakuru avuga ko yarimwo abantu 60, abajejwe umutekano babiri, abakozi bo mu ndege babiri, umudereva hamwe n'umufasha wiwe.