Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indege ya Turukiya yataye inzira igeze hasi
Ubwoba bwatekeye abantu igihe indege itwara ingenzi yata ikibuga ikaja kugwa ku nkombe y'umusozi hafi y'ikiyaga ku kibuga c'indege ca Turukiya.
Indege Boeing 737-800 y'ishirahamwe Pegasus Airlines itwaye ingenzi 168 hamwe n'abakozi bo mu ndege yagurutse iva Ankara, igwa Trabzon ku nkengera y'ikiyaga cirabura ku munsi wa gatandatu bugorovye.
Abari muri iyo ndege batabawe barasohogwa, nkuko bulamatari Yucel Yavuz yavuze.
Nta muntu numwe yakomeretse.
Itohoza ryatangujwe mu ntumbero yo kurondera ivyateye iyo mpanuka, niko ubutegetsi bwavuze.
Ikinyamakuru ca leta Anadolu kivuga ko ingenzi zari muri iyo ndege zatekewe n'ubwoba inyuma yaho abadereva bananiriwe kuyitumbereza.
Amafoto yerekana iyo ndege iryamye izuru riri imbere ku nkengera y'ivyondo.
"Twahengamiye ku ruhande. Igice c'imbere c'indege cari cubamye, ic'inyuma kikiri mu kibanza. Abantu benshi bagize ubwoba, abandi bagatera induru", niko umwe mu ngenzi Fatma Gordu yavuze.
Bwana Yavuz yavuze ko ikibuga c'indege cugawe amasaha menshi igihe hariko harakogwa amatohoza.