Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikigo ca ONU gifasha impunzi muri Uganda kiregwa ibiturire no kunyuruza amahera
Itohoza rya ONU ryashize ahabona ko ikigo caco gifasha impunzi mu gihugu ca Uganda kitakoresheje neza uburyo cahawe, congera kirangwamwo inyifato y'ibiturire.
Abasuzumye ingene amahera yakoreshejwe (audit) basanze hari imiliyoni z'amadolari yakoreshejwe nabi, mu gutanga amakontara mu buryo butemewe no gusohora amahera menshi ku bintu no ku buzi.
Avugana na BBC, uwuserukira igisata kijejwe impunzi HCR muri Uganda, Joel Boutroue yavuze ko ata mahera yarengejweko mu kuriha:
"Ibiro bikuru vyacu hamwe n'abandi bahinga mu vy'amategeko bariko basubiramwo ama fagitire 20000 ajanye n'ivyo.
"Nta mahera y'umurengera twarishe. Ico turiko turavugana n'abo twagiranye amasezerano y'akazi ni kwumvikana ku mahera asigaye twobishura. Nta mahera y'umurengera turariha muri kino gihe.
"Ic'ukuri nuko tutasuzumye neza ayo makontara."
Haraheze igihe gito, Uganda ikejwe kubera politike yayo ku bijanye n'impunzi, ivugwa ko arico gihugu ca mbere ciza kw'isi impunzi yobamwo.
Bivugwa ko hari impunzi umuliyoni 1.4 muri Uganda - kiba arico gihugu cacumbikiye benshi mu 2016 - na cane cane abavuye muri Sudani Yepfo na RD Congo.
Mu kwezi kwa kabiri, abakozi bane ba leta ya Uganda barahagaritswe vy'agateganyo mu mabanga bagirizwa kuduza ibitigiri vy'impunzi.