U Burundi bwatumye inama y'abakuru b'ibihugu b'umuryango EAC yunguruzwa

Ahavuye isanamu, EAC Secretariat
Inama y'abakuru b'ibihugu b'Umuryango wa Afrika y'Ubuseruko (EAC) yabera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya yungururirije ibikorwa vyayo ku rindi sango inyuma yaho igihugu c'u Burundi cankiye kuyitaba.
Umukuru w'igihugu ca Uganda Yoweri Museveni ari nawe arongoye EAC uno mwaka yamenyesheje ko iyo nama yungururirijwe mu mpera z'Ukwezi kwa 12, we na bagenziwe ba Kenya na Tanzania barangije kwivuna umusase ku ngoro y'umukuru w'igihugu ca Tanzaniya i Arusha.
Perezida Museveni yavuze ko bafashe iyo ngongo bisunze amategeko agenga uwo Muryango wa Afrika y'Ubuseruko.
Yagize ati: "Dufashe ingingo yo kwunguruza inama y'uno munsi kubera uko umwe muri twebwe ataje uwo nawe akaba ari u Burundi. Twungururije iyo nama kw'itariki ya 27 Ukwezi kwa 12, 2018 igihe twese tuzoba ariho turi, kubera ko amasezerano ya Afrika y'Ubuseruko avuga ibintu bibiri, kimwe nuko dutegerezwa gukora inama imwe isanzwe ku mwaka ari nayo y'uno munsi.
"Ariko kandi ingingo yose yofatwa aruko abanyamuryango bose baba bahari, kuri ivyo iyo umwe atariho ari si vyiza kubandanya, biba bigiye kubiri n'amasezerano".
Uretse Perezida Museveni asanzwe arongoye umuryango muri kino gihe, umukuru w'igihugu ca Tanzaniya John Magufuli hamwe n'uwa Kenya, Uhuru Kenyatta nibo bandi bategetsi bo hejuru bari bitavye.
Igihugu c'u Rwanda cari caserukiwe n'umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Richard Sezibera yigeze kuba umunyamabanga mukuru wa EAC, igihugu ca Sudani yo mu Bumanuko giserukigwa n'umushikiranganji w'ubudandaji Paul Aketch.
Igihugu c'u Burundi catumye iyo nama yungururizwa ku rindi sango cari carasavye imbere y'igihe ko yokwungururizwa ku wundi munsi.
Mw'ikete ubutegetsi bw'u Burundi bwarungikiye Perezida Yoweri Museveni bwavuze ko hari imvo butokwirengagiza zituma butokwitaba iyo nama.










