Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika yashizeho amategeko mashasha atemerera abimukira badakurikije amategeko ubuhungiro
Abimukira binjira muri Amerika baciye mu bumanuko nta buhungiro bazohabwa hifashishijwe itegeko rishasha rigenga abimukira nk'uko bivugwa n'ubutegetsi bwa Trump.
Iryo tangazo ryashizwe agabona n'igisata kijejwe ubutungane n'umutekano vy'igihugu, rivuga ko iryo tegeko rishasha rizofatira ingingo abimukira bazorenga ku mategeko mu kwinjira muri Amerika.
Prezida arafise uburenganzira bwo kwirukana abimukira "ku nyungu z'igihugu", ni ko iryo tangazo rivuga.
Ikibazo c'abimukira ni co cari imbere mu myiyamamazo ya prezida Trump mu matora yo hagati mu kiringo mu 2018.
Trump ahanganye n'umurongo muremure w'abimukira bava muri Amerika yo hagati bashaka kwinjira muri Amerika baciye ku rubibe rwo mu buraruko.
Yategetse igisirikare gukizura kuri urwo rubibe mu ngingo yafashe avuga ko ari iyo kwirinda "ababatera".
Icegera c'umucamanza mukuru Matthew Whitaker n'uwujejwe umutekano w'igihugu Kirstjeb Nielsen barashije ahabona ico bise amatageko y'imfatakibanza .
Mw'itangazo bashikiririje hamwe, abo bategetsi bavuze ko prezida afise "ububasha bwo kwirukana abimukira abo ari bo bose" mu gihe borenga ku mategeko abagenga.
Ivyo rero bishoboka mu gihe ukuza mu gihugu kwabo gushobora kubangamira umutekano wa Amerika.
Vyitezwe ko prezida Trump ashira umukono kuri urwo rwandiko kugira rube itegeko.
Iyo ngingo yanebaguwe cane n'urunani ruharanira agateka ka zina muntu ruvuga ko iyo ngingo "iteye kubiri n'amategeko".
Abarongoye urwo runani bavuze "amategeko ya Amerika ararekura abantu gusaba ubuhungiro bari mu bihugu vyabo canke bari mu kibanza babakiriramwo ku rubibe."
Mw'ibwirizwa shingiro rya Amerika abimukira barafise uburenganzira bwo kwumvirizwa na cane cane iyo bavuga ko bafise ingorane z'umutekano wabo mu gihugu baje baturukamwo.
Hisunzwe amategeko mpuzamakungu, abo bantu bafatwa nk'impunzi.
Ingingo zagiye zirafatwa na Trump zo guhangana n'ikibazo c'abimukira zagiye ziranebagurwa muri politike no mu mategeko.
Mu kwezi kwa gatandatu muri uyu mwaka, yarashize umukono ryo "gukoraniriza hamwe imiryango" mu kibanza babapfungiramwo inyuma yo gutandukanya abana n'abavyeyi.
Inyuma y'imisi itari mike, sentare nkuru yaremeje ingingo ya Trump yo kubuza abanyagihugu ba bimwe mu bihugu bitari bike vya Islam guhonyoza ikirenge muri Amerika.
Mu ntango amasentare atari make yari yavuze ko iyo ngingo iteye kubiri n'ibwirizwa shingiro rya Amerika.