Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubutaliyano bwugaye ibivuko ku bwato butabara abimukira
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu mu Butaliyano Matteo Salvini avuga ko abimukira batabawe n'ubwato bw'amashirahamwe batazokwemererwa kwinjira ku butaka bw'ico gihugu.
Salvini ntahengeshanya kwagiriza ayo mashirahamwe atanga imfashanyo ko batuma urudandazwa rw'abimukira rukomera. Yabwiye ikinyamakuru ca Corriere della Sera ko ayo mashirahamwe atacemewe.
Yanashimagije umwumvikano washitsweko n'abategetsi bo mw'ishirahamwe rya Buraya i Bruxelles avuga ko uzogabanura umuzigo ico gihugu.
Abimukira ibihumbi n'ibihumbi, benshi muri bo bava mu bihugu vya Afrika baramaze gushika mu Butaliyano.
Igitigiri caragabanutse gushika ku bice 95% ugereranije no mu 2015 aho bari biyongereye cane, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, ariko casubiriye kuduga mu misi yahera.
Ibihugu vyinshi vyo mu Buraya bwo hagati vyararahiye birarengwa ingingo y'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya yo kwakira impunzi 160.000 bavuye mu makambi yarengewe yo mu bihugu vy'Ubugiriki n'Ubutaliyano.