Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugambwe FNL Amizero y'Abarundi wa Agathon Rwasa ntiwemejwe n'ubutegetsi bwa Bujumbura
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu c'u Burundi bwavuze ko budashobora kwemera umugambwe FNL Amizero y'Abarundi bitewe nuko udakwije ibisabwa n'amategeko.
Ivyo vyamenyeshejwe mu nyishu iri mw'ikete ryarungikiwe uwurongoye uwo mugambwe nyene, Agathon Rwasa.
Mw'ikete BBC Gahuzamiryango yabonye, ubwo bushikiranganji bubwira Rwasa bwishura ku kete uwo munyapolitike yari yanditse asaba ko umugambwe wiwe wokwemezwa.
Ikete rigira riti "Tumaze gusuzuma neza dosiye, twasanze ko ibimenyetso n'icivugo vy'umugambwe wawe urondera kwemegwa bisa n'ivy'uwundi mugambwe umaze kwemegwa.
"Nta mugambwe n'umwe wa politike ushobora gufata izina, icivugo canke ibimenyetso bisa n'ivy'uwundi mugambwe".
Mu kwezi kw'icenda guheze, umushingantahe Agathon Rwasa niho yatanguza icese umugambwe FNL Amizero y'Abarundi avuga ko uharanira ubwigenge.
Yawushikirije inyuma y'inama rukokoma yagiranye n'abamufasha kuwutanguza bagera ku 500 bava mu mihingo yose y'igihugu.