Abanyeshuli banyurujwe kw'ishuli rya Bamenda muri Cameroun barekuwe

Ahavuye isanamu, Evn
Abanyeshuli banyurujwe kw'ishuli ry'indaro rya Bamenda mu buraruko bushira uburengero bwa Cameroun barekuwe, nkuko vyashikirijwe n'ubutegetsi.
Abo banyeshuli 78 - si 79 nkuko vyari vyavuzwe mbere- hamwe n'abandi bantu batatu bari bafashwe ku munsi wa Mungu mu mutwenzi.
Umuyobozi w'ishuli hamwe n'umwigisha baracagumijwe, nkuko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC Mayeni Jones.
Leta hamwe n'imigwi yipfuza kwiyonkora kuri Cameoun yo mu karere kavugwamwo icongereza yagirizanya kunyuruza abo banyeshuli.
Videwo ya bamwe muri abo bana yoba yafashwe n'umwe mu babanyuruje, yakwiragijwe ku mbuga hwaniro, ituma abantu bafatwa n'agashavu.
Uturere two mu buraruko bushira uburengero n'ubumanuko bushira uburengero bwa Cameroun, tumaze igihe twaribasiwe n'imigwi ivuga icongereza yipfuza kwiyonkora ku gihugu ca Cameroun kuva mu mwaka uheze.
Ntawuzi ingene abo banyeshuli barekuwe ariko ubutegetsi bwavuze ko bwabanje kubasambisha imbere yuko bubasubiza abavyeyi babo.
Abo bana barekuwe gute?
Ku bw'ishengero Presbyterian Church of Cameroon, abo bana basizwe mw'imwe mu nyubakwa zayo y'ahitwa Bafut, ku birometero 24 uvuye i Bamenda.
Iryo shengero rivuga ko bwari bubaye ubwa kabiri mu kiringo c'indwi imwe abantu banyuruzwa kuri iryo shuli.
Kw'itariki ya 31 ukwezi kw'icumi, abanyeshuli 11 b'abahungu baranyurujwe munyuma bararekugwa.
Ariko ntawuzi abari babanyuruje.

Umushikiranganji ajejwe ihererekana ry'amakuru Issa Bakary Tchiroma yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko "abanyeshuli 79 bose barekuwe," ariko nta makuru arambuye yatanze.
Umupadiri yararongoye ibiganiro vyatumye barekugwa yemeje ko barekuwe ariko avuga ko umuyobozi w'ishuli hamwe n'umwigisha bakigumijwe, nkuko Reuters yabimenyesheje.
Igisirikare nico cari cagomowe gufasha kurondera abo banyeshuli.
Ni bande banyuruje abo bana?
Ubutegetsi bwa Cameroun buvuga ko abagwanyi bipfuza kwiyonkora kuri Cameroun aribo bakoze ubwo bubisha - mu gihe baheruka gusaba ko amashuli yugagwa mu karere kavugwamwo icongereza.
Bipfuza gushinga igihugu cigenga citwa Ambazonia.
Videwo yasohowe ku munsi wa mbere yerekanye umwe mu bafashwe avuga ko bari mu minwe y'aba "Amba Boys" - ijambo rikunze gukoreshwa kuri abo bagwanyi.
Umugwi "Ambazonia International Policy commission" (AIPC), ntiwemeza ko abanyuruje abo bana boba arabo mu bagwanyi babo, basigura ko umuntu yafashe videwo atavuga neza icongereza c'igi Pidgin, ururimi ruvugwa cane mu karere kavugwamwo icongereza.
Umwe mu banyuruje abo bana yasa naho avuga ururimi rw'igifaransa.
Vyifashe gute mu duce twa Cameroun tuvugwamwo icongereza?
Abavuga ururimi rw'icongereza muri Cameroun bidoga bavuga ko bakumiriwe.
Bavuga ko batinjijwe mu buzi bwa leta bwo hejuru, kandi kw'ivyo leta yandika igasohora biba biri mu rurimi rw'igifaransa, mu gihe ururimi rw'icongereza arirwo rusabwa gukoreshwa mu kazi.
Igihugu ca Cameroun ciciyemwo imice ituruka ku gihe c'ubukoroni

- Cakoronijwe n'Ubudagi mu 1884
- Inteko z'Ubwongereza n'iz'Ubufaransa ziza iz'Ubudagi zigiye mu 1916
- Igihugu ca Cameroun caciye cicamwo imice inyuma y'imyaka itatu - ibice 80% bija ku Bufaransa, ibice 20% ku Bwongereza
- Igihugu ca Cameroun gikoresha igifaransa, cikukiye mu 1960
- Inyuma y'amatora kamarampaka igice kivuga icongereza co mu bumanuko cifatanya na Cameroun, mu gihe Cameroun yo mu buraruko yafatanya n'igihugu ca Nigeria kivuga icongereza.










