Abanyeshule barenga 70 banyurujwe ahitwa Bamenda mu gihugu ca Cameroun

Abanyeshuli 79 hamwe n'abandi bantu batatu banyurujwe mw'ishuli ry'indaro ry'ahitwa Bamenda, mu burengero bwa Cameroun.
Abanyurujwe barimwo n'umuyobozi w'ishuli bafashwe ku wa mbere mu gitondo, nkuko umutegetsi wo muri ako karere yabimenyesheje BBC.
Muri kino gihe igisirikare ca Cameroun kiri mu bikorwa vyo kurondera abo banyurujwe.
Uturere two mu buraruko bushira uburengero n'ubumanuko bushira uburengero bwa Cameroun, tumaze igihe twaribasiwe n'imigwi y'abipfuza kwiyonkora ku gihugu ca Cameroun muri ino myaka ya vuba.
Bulamatari wo muri ako karere Adolphe Lele L'Afrique yavuze ko abagwanyi b'iyo migwi aribo bakoze ubwo bubisha.
Abo bagwanyi bamaze igihe basaba ukwikukira kw'intara zibiri zivuga ururimi rw'icongereza, basavye ko amashuli yohagarikwa.
Ariko nta mugwi numwe uravuga ko ariwo wanyuruje abana bo kw'ishuli ryisumbuye "Bamenda's Presbyterian Secondary School" rifise abana bafise imyaka iri hagati ya 10 na 14.
Videwo ya bamwe muri abo bana yoba yafashwe n'umwe mu babanyuruje, yakwiragijwe ku mbuga hwaniro.
Abo banyeshuli bose b'abahungu bari bashizwe mu kumba gato, ubona bashavuye, uwabafata amashusho ya videwo abasaba kuvuga amazina yabo naho baturuka.
Basubiramwo rino ryungane: "Nafatiwe kw'ishuli n'aba Amba boys, sinzi aho ndi."
Amba ni impfunyafunyo ya Ambazonia, izina ry'igihugu gishasha abo bagwanyi bashaka gutanguza.

Umunyeshuli yashoboye kwinyegeza munsi y'igitanda yabwiye BBC ko ivyabaye vyanyarutse, igihe abo bagizi ba nabi binjiriye mw'iryo shuli.
"Umwe mu bagenzi banje yakubiswe cane ata mbabazi. Niyumviriye ko noguma numye. Bavuga ko bashobora kurasa abantu...begeranirije hamwe abahungu bakuze, abakiri bato babashira inyuma."
Umwigisha yiganye ivyo yabonye igihe yinjira mu biro vy'umuyobozi w'ishuli abana bamaze gukugwa mu buraro.
"Igisirikare caje, kija ku nzu y'umuyobozi w'ishuli aho twasanze umuryango wasambuwe hanyuma turinjira, ibiyo bikiri hasi," niko yabwiye BBC.
'Gusengera abanyurujwe'
Uwihebeyimana w'icubahiro cinshi w'ishengero Presbyterian Church muri Cameroun, Right Reverend Fonki Samuel Forba, yabwiye BBC ko yavuganye n'abanyuruje abo bana.
"Nta mahera bashaka. Ico bipfuza nuko twugara amashuli. Twemeye ko tugiye kwugara amashuli," niko yabwiye BBC.
"Twizeye kandi turiko turasenga ngo barekure abo bana hamwe n'abigisha," niko yabandanije avuga.
Si ubwa mbere abanyeshuli banyuruzwa muri ako karere gasigaye ari ikirindiro c'abo bagwanyi, nkuko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC Ngala Killian Chimtom.
Ku tariki 19 ukwezi kwa cumi, abanyeshuli batanu bo kw'ishuli Atiela Bilingual High School baranyurujwe n'abantu batigeze bamenyekana bafise ibigwanisho, ntawuzi gushika ubu irengero ryabo.
Abo bagwanyi bipfuza kwiyonkora kuri Cameroun bavuga ko ubutegetsi bwakuye ivyigwa bitangwa mu congereza vyasizwe n'abakoroni b'ababongereza.
Ingene izo nyeshamba zatanguye
Abo bagwanyi bipfuza gushinga igihugu ca Ambazonia, batanguye kuvugwa mu 2017 inyuma yaho inteko z'umutekano ziburagirije abari mu myiyerekano barongowemwo n'abanyamategeko n'abigisha, banegura ubutegetsi ku kuba bwarananiwe kwemeza ururimi rw'icongereza n'indero ishingiye kuri urwo rurimi mu buraruko bushira uburengero no mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu.
Perezida Paul Biya ari ku butegetsi kuva mu 1982, aheruka gutogwa kurongora igihugu ku kiringo c'indwi ku majwi arenga 70%.
Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ivuga ko amatora yibwe, ukurondera kuyavuguruza biciye mu mategeko bikaba vyaranse.
Igihugu ca Cameroun ciciyemwo imice ituruka ku gihe c'ubukoroni

- Cakoronijwe n'Ubudagi mu 1884
- Inteko z'Ubwongereza n'iz'Ubufaransa ziza iz'Ubudagi zigiye mu 1916
- Igihugu ca Cameroun caciye cicamwo imice inyuma y'imyaka itatu - ibice 80% bija ku Bufaransa, ibice 20% ku Bwongereza
- Igihugu ca Cameroun gikoresha igifaransa, cikukiye mu 1960
- Inyuma y'amatora kamarampaka igice kivuga icongereza co mu bumanuko cifatanya na Cameroun, mu gihe Cameroun yo mu buraruko yafatanya n'igihugu ca Nigeria kivuga icongereza.










