Prezida wa Cameroun Paul Biya arizeza ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, Caf, ku myiteguro ya CAN

Cameroon President Paul Biya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Paul Biya yavuze ashimitse ko igihugu ciwe kizoba citeguye kwakira inkino z'igikombe c'ibihugu vya Afrika mu 2019

Prezida wa Cameroun Paul Biya yijeje uwurongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika Caf, Ahmad, ko igihugu ciwe kizoba citeguriye neza kwakira inkino z'igikombe c'ibihugu vya Afrika.

Ivyo Biya yavyemereye umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika (Caf) Ahmad mu nama bagiranye i Yaounde ku musi wa kabiri.

Mu kumwishura, Ahmad yongeyeko ko Caf ata mugambi ifise wo kwungururiza iryo higanwa ahandi atari mu Cameroun.

Ahmad yagize ati: "Prezida Biya yatwijeje ko azokora uko ashoboye kugira ibikenewe vyose bizobe vyakozwe ku gihe.

Umukuru wa Caf Ahmad Ahmad (i bubamfu) yashimiye uwahoze ari kizigenza wa Camerou, Samuel Eto'o (i buryo), ku kuntu yafashike kugira abonane na Prezida Biya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa Caf Ahmad Ahmad (i bubamfu) yashimiye uwahoze ari kizigenza wa Camerou, Samuel Eto'o (i buryo), ku kuntu yafashike kugira abonane na Prezida Biya

"Iyi nama na prezida Paul Biya yari iyo kubeshuza inkuru zakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi ko Cameroun ishobora kutazotegura izo nkino z'igikombe ca Afrika 2019."

Izo nkino z'ico gikombe co mu mwaka uza zizoba zibaye iza mbere gihuje imigwi 24, zibe mu kwezi kwa gatandatu n'ukw'indwi hako ziba mu ntango y'umwaka.

Harabaye ibibazo vyo kumenya nimba Cameroun izoba gifise ibikenewe vyose ku gihe kugira yakire iryo higanwa ufatiye ku migumuko irangwa muri ico gihugu muri kino gihe.

Bwana Ahmad yongeyeko ko yatangajwe n'inkuru zica ku mbuga ngurukanabumenyi zivuga ko Caf igiye kwaka Cameroun uburenganzira bwo gutunganya iryo higanwa ryo mu rwego rwo hejuru ry'umupira w'amaguru.

Ikipe ya Cameroun yizeye kuzovyifatamwo neza ikinira iwayo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikipe ya Cameroun yizeye kuzovyifatamwo neza ikinira iwayo

Ahmad yavuze ko Caf ata kindi kibanza yategekanije kizoberako iryo higanwa.

Yavuze ashimitse ati: "Caf nta handi ifise hazobera iryo higanwa, Caf ntiyigeze itegekanya ahandi, kandi nta na rimwe twigeze twiyumvira kwaka iryo higanwa Cameroun.

"Si Caf itegura izo nkino, ni Cameroun. Ni Cameroun itegerezwa kutubwira ko biteguye canke ko batiteguye.

"Nibaba biteguye, tuzogira iryo higanwa. Mu gihe naho batiteguye bashobora kudusaba tukabongerereza ikiringo. Biva kuri Cameroun ntibiva kuri Caf."

Mw'ikoraniro kaminuza rya Caf ryabaye ku musi w'Imana, vyaremejwe ko hashobora kuba ayandi magenzurwa abiri muri Cameroun mu mezi ari imbere kugira barabe aho ico gihugu kigejeje kwitegura.

Prezida wa Caf kandi yashimiye uwahoze ari kizigenza wa Cameroun Samuel Eto'o kuba yarafashije mu gutunganya uwo mubonano n'umukuru w'igihugu.