Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Arabie Saoudite yemeje ko umumenyeshamakuru Khashoggi yapfiriye mu buserukizi bw'i Istanbul ariko aragwana
Umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi yapfuye ariko aragwana mu nyubakwa y'ubuserukizi bwa Arabie Saoudite i Istanbul, niko televiziyo yico gihugu yavuze.
Ivuga ko icegera c'umukuru w'iperereza Ahmad al-Assiri hamwe na Saud al-Qahtani, umwe mu bafasha bakuru b'umuganwa Mohammed Bin Salman, bahagaritswe mu mabanga kubera ivyo.
Umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump yavuze ko ivyabaye "atawovyemera" ariko avuga ko Arabie Saoudite ari igihugu "gicuditse cane" na Amerika.
Ni ubwa mbere ingoma ya Arabie Saoudite yemera ko Bwana Khashoggi yapfuye.
Ukwemanga urwo rupfu bikurikiye indwi zibiri zari zirangiye igihugu ca Arabie Saoudite kivuga ko ata ruhara gifise mu nyuruzwa ry'uwo mugabo atavuga rumwe n'ubutegetsi, igihe yinjiye mu nyubakwa y'ubuserukizi bwaco y'i Istanbul itariki 2 ukwezi kw'icumi, arondera ivyangombwa vyotuma yubaka urwiwe.
Ingoma ya Saudi yari imaze iminsi ibangamiwe kandi ihatirigwa ngo isigure ku bijanye n'inyuruzwa rya Bwana Khashoggi, inyuma yaho ubutegetsi bwa Turukiya bumenyeshereje ko yiciwe mu nyubakwa y'ubuserukizi bwa Arabie Saoudite, ikiziga ciwe kigahimbugwamwo ibice.
Inyuma yo kuvuga kenshi ko Jamal Khashoggi yavuye mu nyubakwa y'ubuserukizi y'i Istanbul itariki 2 ukwezi kw'icumi, ubutegetsi bwa Saudi bwemeye ko ariho yapfiriye.
Ariko ingene ubutegetsi busigura ukuntu uwo mumenyeshamakuru yapfuye bitandukanye n'ivyashikirijwe ibigo vy'itangazmakuru vya Turukiya n'igisata kijejwe umutekano.
Igihe co kivuga ko yahohotewe umubiri wiwe ugacibwamwo ibipande, inyuma y'iminsi 17, ubutegetsi bwa Saudi bwo buvuga ko Bwana Khashoggi yapfuye inyuma yaho bagwaniye n'abari mw'iyo nyubakwa.
Umumenyeshamakuru wa BBC James Landale asuzuma ivyabaye, avuga ko ubutegetsi bwa Saudi busa naho bushaka gusigura ko Bwana Khashoggi atishwe n'ibigirankana.
Mw'itangazo ryasohowe n'ubushikirizamanza bwa Arabie Saoudite bivugwa ko hadutse ingwano hagati ya Bwana Khashoggi n'abantu yasanze mu nyubakwa y'ubuserukizi bw'ico gihugu, munyuma arapfa.
Rivuga ko amatohoza akibandanya, ko abantu 18 b'abanye Saudi bafashwe, ikinyamakuru c'igihugu kikavuga ko umwami Salman yasavye ko abategetsi babiri bakomeye birukanwa mu kazi.