Abashikirizamanza b'Ubufaransa basavye guhagarika amatohoza kw'ikororwa ry'indege yarimwo prezida Juvénal Habyarimana

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashikirizamanza b'Ubufaransa basavye guhagarika amatohoza ku gitero cagizwe ku ndege gihitana uwahoze ari prezida w'u Rwanda Juvénal Habyarimana, catumye haba genocide muri ico gihugu, nk'uko biri ku mpapuro AFP yabonye.
Urwo rubanza rumaze igihe kirekire rwatumye haba ukurabana ribi hagati y'ivyo bihugu bibiri, kubera kwagiriza abagwanyi b'abatutsi bari barongowe na prezida w'iki gihe w'u Rwanda Paul Kagame, ko ari bo bagize ico gitero kuri iyo ndege mu kwezi kwa kane mu 1994.
Mw'itangazo ryo kw'itariki icumi z'ukwezi kwa cumi, abashikirizamanza b'Ubufaransa basavye ko ivyagirizwa abantu indwi vyoteshwa agaciro kubera abagira amatohoza batashoboye kwegeranya "ivyagiriji bikwiye".
Ubu ingingo ya nyuma izova ku mucamanza ajejwe amatohoza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ababuranira umupfasoni wa prezida Habyarimana, Agathe, bavuze ko 'ingingo' yafashwe n'abashikirizamanza "ibabaje" kandi ko "ifitaniye isano na politike".
Igisase ca misile cakoroye indege yarimwo prezida Habyarimana hagufi y'ikibuga c'indege ca Kigali mu kwezi kwa kane mu 1994, haca haduka ubwicanyi bwamaze imisi ijana bwahitanye abantu 800.000, benshi muri bo bakaba bari abo mu bwoko bw'abatutsi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
U Rwanda rwagumye bwagiriza Ubufaransa kugira uruhara muri genocide mu gushigikira reta y'abahutu, mu kubaha inyigisho abasirikare hamwe hamwe n'urwaruka rwitwaje ibigwanisho rwakoze ubwo bwicanyi.
Ubucuti bwagumye bucumbagira gushika mu 2014 aho prezida Kagame yasubiye kwagiriza abasirikare b'abafaransa ko bafise uruhara muri ubwo bwicanyi.
Ubucuti bwagiye kuba nabi gusumba igihe ubutungane bwo mu Bufaransa bufatiye ingingo mu kwezi kwa cumi mu 2016 yo gusubira gutanguza amatohoza ku woba yararashe iyo ndege, mu gihe mu bayitwara harimwo abafaransa.











