Ni kubera iki u Rwanda rushaka kurongora Francophonie, Ubufaransa nabwo buzokura iki mu gushigikira Mushikiwabo?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Professeur Juvénal Ngorwanubusa, umwigisha kuri Kaminuza y'u Burundi, yasiguriye BBC ico abona catumye Ubufaransa bushigikira Louise Mushikiwabo muri Francophonie.
Erevan ku murwa mukuru wa Armenia hatanguye inama y'iminsi ibiri ihuje abakuru b'ibihugu na leta bigize umuryango uhuriwemwo n'ibihugu bivuga ururimo rw'igifaransa - OIF.
Muri iyi nama hagomba gutorwa umunyamabanga mukuru mushasha w'uwo muryango.
Vyitezwe ko umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu w'u Rwanda, Louise Mushikiwabo, ari we azotahukana ico kibanza nyuma yo gushigikirwa n'Ubufaransa n'ibindi bihugu vyinshi vya Afrika.
Umunyacanadakazi Michaëlle Jean yimamariza kubandanya kuyobora uwo muryango, we igihugu ciwe cavuze ko kitamushigikiye.






