Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Etiyopiya igiye gukura "visa" ku banyafrika bose
Umugambi w'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wo gutezurira abanyafrika bipfuza gutembera ku mugabane uracari kure nk'ukwezi, ariko igihugu ca Etiyopiya cafashe iya mbere ngo gifashe uje mu ngiro.
Ashikiriza ijambo mu nama y'inteko zijejwe amateka, avuga no ku bijanye n'amategeko leta igiye gushinga, Prezida Mulatu Teshome yamenyesheje ko uruhusha rwo kwinjira mu gihugu "visa" rugiye gukurwaho ku banyafrika bose.
Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wasavye ko ibihugu vyose vya Afrika vyohagarika gusaba "visa" ku banyafrika bose kuva mu 2018.
Gushika ubu, igihugu ca Seychelles nico conyene kidasaba "visa" ku banyafrika - no ku bandi banyagihugu b'ibihugu vyose vyo kw'isi - nkuko biri kuva kera.
Mu cegeranyo gishasha bivugwa ko abanyafrika bashobora gutembera ata "visa" mu bice 22% vy'ibihugu vya Afrika.