Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Oby Ezekwesili, yatanguje isekeza rya #BringBackOurGirl yitoje kuba prezida
Oby Ezekwesili, umwe mu batanguje isekeza ryo gusaba irekurwa ry'abigeme barenga 200 bari banyurujwe na Boko Haram mu 2014, yamenyesheje ko azitoza u kibanza c'umukuru w'igihugu muri Nigeria mu mwaka uza.
Azoba abaye umupfasoni wa mbere azwi cane ahanganye n'umukuru w'igihugu akiri ku butegetsi mu matora.
Umupfasoni Ezekwesili, anebagura ku mugaragaro reta ya Nigeria, yahoze ari icegera c'uwurongoye ibanki y'isi yose, akaba yaranabaye n'umushikiranganji w'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Nigeria Olusegun Obasanjo.
Mu matora yo mu kwezi kwa kabiri umwaka uza, azohangana na prezida Muhammadu Buhari w'umugambwe APC hamwe n'uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu Atiku Abubakar yagenywe n'umugambwe utavuga rumwe na reta PDP ngo abaserukire muri ayo matora.
Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko ukwitoza kwa Ezekwesili guhungabanije ivyo abantu babona ko kwobaye uguhangana hagati y'abaserukira iyo migambwe ibiri ikomeye, imaze kuvamwo abarongora ico gihugu kuva harangiye intwaro za gisirikare mu 1999.