Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abagwanyi 32 ba Boko Haram bishikanye ku gisirikare ca Nigeria
Igisirikare ca Nigeria cavuze ko niburiburi abagwanyi 32 ba Boko Haram bishikanye ku nteko zaco mu duce dutandukanye mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.
Bino bibaye mu gihe igisirikare caheruka kuvuga ko cishe abagwanyi batanu mu mpera z'ino ndwi.
Niwo mugwi wa vuba cane wa Boko Haram ushize hasi ibigwanisho, ukishikana ku nteko z'igihugu.
Bivugwa ko abagwanyi barenga 20000 bo muri izo ntagondwa z'aba Islamu, aribo bamaze gushira ibigwanisho hasi muri ino myaka ibiri irangiye.
Igisirikare cerekanye ku mugaragaro amafoto y'abo bagwanyi, ariko nticavuga ico gitegekanya gukora munyuma.
Mu kwezi kw'indwi kw'umwaka urangiye, igisirikare caronse abagwanyi 700 bo muri izo ntagondwa z'aba Islamu.
Mu kwezi kwa cumi, abagabo hafi 60 barishikanye ku butegetsi mu buraruko bwa Cameroun, bavuga ko bari bafashwe na Boko Haram, ibategeka kuyigwanira muri Nigeria.
Abo bagabo bahisemwo guhunga n'imiryango yabo munyuma barishikana, bamaze imyaka ibiri bagwanira hamwe n'abo ba Jihadistes.