Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
"Ibiturire" bituma ingwano kuri Boko Haram yikwega muri Nigeria
Ikigo gifasha kugwanya ingeso y'ibiturire "Transparency International" cavuze ko ingeso y'ibiturire iri mu gisirikare ca Nigeria ituma utwigoro two guhangana na Boko Haram tuba imfagusa.
Cagiriza ubutegetsi gutunganya amasezerano y'ibinyoma yo kwivuna umwansi, bukiba amahera yokoreshejwe mu kugura ibikoresho.
Kivuga kwivyo vyatumye ibigega vy'igisirikare vyera, abasirikare babura ingene bahabwa ikarishabwenge.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Jenerali Majoro John Enenche, yavuze ko ivyo birego bidashobora kwegekwa ku basirikare ba kino gihe.
Yavuze ko hari vyinshi vyakozwe mu guteza imbere ikarishabwenge no gushira ku murongo abasirikare.