"Ibiturire" bituma ingwano kuri Boko Haram yikwega muri Nigeria

Ahavuye isanamu, AFP
Ikigo gifasha kugwanya ingeso y'ibiturire "Transparency International" cavuze ko ingeso y'ibiturire iri mu gisirikare ca Nigeria ituma utwigoro two guhangana na Boko Haram tuba imfagusa.
Cagiriza ubutegetsi gutunganya amasezerano y'ibinyoma yo kwivuna umwansi, bukiba amahera yokoreshejwe mu kugura ibikoresho.
Kivuga kwivyo vyatumye ibigega vy'igisirikare vyera, abasirikare babura ingene bahabwa ikarishabwenge.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Jenerali Majoro John Enenche, yavuze ko ivyo birego bidashobora kwegekwa ku basirikare ba kino gihe.
Yavuze ko hari vyinshi vyakozwe mu guteza imbere ikarishabwenge no gushira ku murongo abasirikare.






