Boko Haram yerekanye abo yita 'abayihisemwo'

Ahagatiwe n;abandi batatu

Ahavuye isanamu, Screengrab

Insiguro y'isanamu, Video yerekanywe na Boko Haram yerekana umukobwa 'avuga ko adashaka kuvanayo' afise inkoho

Umutwe wa Boko Haram muri Nigeria, wasohoye amasanamu ya video yerekana umukobwa avugwa ko ari mu bari barafatiwe kw'ishure rya Chibok, avuga ko adashaka gusubira iwabo.

Mw'ijwi ryumvikana mu rurimi rw'igi Hausa, umukobwa yerekanywe muri Video ya Boko Haram, yavuze ko adashaka gusubira iwabo kubera abavyeyi biwe banse kuba aba Isilamu.

Igitero c'umwiyahuzi cahitanye umwe i Maiduguri
Insiguro y'isanamu, Umwe mu bajejwe umutekano yaguye mugitero c' i Maiduguri

Mu yindi video igira kabiri, batanu mu bayoboke ba Boko Haram bivugwa ko baherutse kuguzwa n'abakobwa ba Chibok 82 mu ndwi iheze, bakangisha ko bashobora kugaba ibitero mu muji wa Abuja.

Hagat'aho igipolisi ca Nigeria kimenyesha ko abantu batatu bakekwa ko boba ari abiyahuzi batumwe na Boko Haram, biturikieije hafi ya Kaminuza ya Maiduguri mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu, bakomeretsa uwujejwe umutekano, uwundi arakomereka