Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abasirikare batanu bishwe mu ngwano n'inyeshamba muri Nigeria
Igisirikare ca Nigeria cavuze ko abasoda batanu bishwe ku munsi wa kane bariko bagwana n'intagondwa zo mu mugwi Boko Haram, mu karere ka Gwoza mu ntara ya Borno mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.
Abo basoda baguye mu mutego, abandi bahonyora ibisasu bihambwe muri iyo ngwano n'abo bagwanyi, niko itangazo ry'igisirikare rivuga.
Rivuga ko hari n'abagwanyi ba Boko Haram bishwe muri iyo ngwano.
Naho ubutegetsi bumaze igihe buvuga ko Boko Haram yaneshejwe, abagwanyi b'uwo mugwi baracagaba ibitero ku basivile no ku nyungu z'igisirikare.