Nike irababajwe n'amakuru amaze iminsi ko umukinyi Cristiano Ronaldo yafashe umukobwa ku nguvu

Ihinguriro karuhariwe mu vy'inkino Nike ryavuze ko "ribabajwe cane" n'ibivugwa ku mukinyi w'umupira w'amaguru Cristiano Ronaldo ko yahohoteye umukobwa.

Iryo hinguriro rikomeye ryo muri Amerika - ryagiranye amasezerano na Ronaldo y'amadolari angana umuliyaridi umwe $1bn - ryavuze ko "rigiye kubandanya rikurikirana ivyo bivugwa", nkuko amakuru aturuka mw'itororokanirizo ry'amakuru Associated Press avuga.

Ikigo EA Sports naco nyene gifitaniye amasezerano na Ronaldo, cavuze ukwo nyene.

Ronaldo w'imyaka 33, yarahakanye mu ntango "bivuye ku mutima" ko atigeze ahohotera Kathryn Mayorga mw'ihoteli yo muri Las Vegas mu 2009.

Madamu Mayorga, w'imyaka 34 yigeze kuba umwigisha, yahawe ingoga zo gushikiriza ivyamubayeko n'isekeza #MeToo movement rigwanya uguhohotera abagore, niko uwumwunganira mu mategeko yavuze.

"Isekeza MeToo movement hamwe n'abagore bahagurutse bakavuga amabi ashingiye ku gitsina yabashikiye, nivyo vyatumye Kathtyn agira ingoga nyinshi," niko Leslie Stovall avuga.

Ibigo Nike na EA Sports vyavuze iki?

Mw'itangazo, Nike yagize iti: "Turababajwe cane n'ivyo birego bitaryoshe kandi tuzoguma dukurikirana ibiriko biraba."

Hagataho, EA Sports yabwiye AP: "Twabonye ayo makuru ababaje avuga ku biregwa Cristiano Ronaldo.

"Turiko turabikurikiranira hafi kandi dusaba abanonotsi n'abaduserukira kwigenza mu buryo buhesha agaciro EA."

Mu bindi vyabaye ku bijanye n'ivyo, Juventus - umurwi w'Ubutaliyano Ronaldo yinjiye gukinamwo ku miliyoni £99.2 z'amapawundi - yashigikiye uwo mukinyi.

Mu butumwa yacishije kuri Twitter, Juventus yagize iti: "Cristiano Ronaldo yarerekanye muri ano mezi ya vuba ko ari umukinyi w'imena kandi azi kwitanga, ivyo bigashimwa n'uwariwe wese i Juventus."

Ronaldo we yishuye ngwiki?

Uwo mukinyi aturuka muri Portugal agakina mu makungu, yavuze ubwa mbere ayo makuru agisohogwa n'ikinyamakuru c'Ubudagi Der Spiegel, ko ari "amakuru y'ibinyoma".

Ku munsi wa gatatu, yarasohoye itangazo yacishije ku mbuga yiwe ya Twitter, avuga ko ahakana ibimuvugwako kandi ko adashobora guhohotera uwariwe wese kuberako nawe adashigikira iyo nyifato, avuga ko arindiriye ico itohoza rizoshikako.

Ikinyamakuru Der Spiegel cavuze ko Madamu Mayorga yahereje icegeranyo c'ivyamushikiye igipolisi ca Las Vegas police haheze umwanya muto bibaye.

Ariko umwaka wakurikiye, uwo mwigeme avuga ko yashoboye gupfundika amasezerano y'amadolari $375000 na Ronaldo amurishe, kugira ngo ivyabaye ntaze abijane hanze.

Abamufasha mu vy'amategeko barondera kugira impfagusa ayo masezerano.

Mu vyo yitwaye avuga, Madamu Mayorga avuga ko yahuye na Ronaldo mu kabare ko gutambiramwo Rain Nightclub k'ahitwa "Palms Hotel and Casino", munyuma amusambanya ku nguvu aho yari yaraye mu nzu iri ku gorofa ya nyuma.

Bwana Stovall avuga ko umukiriya wiwe vyamukozeko cane kandi ko yiyumvira kwiyahura kuva ico gihe afatiwe ku nguvu, hafi imyaka cumi ikaba irangiye.

Umuhinga w'ingwara zo mu mutwe yasanze Madamu Mayorga adatekaniwe kubera guhahamuka.

Igipolisi ca Las Vegas police cemeje ku munsi wa kabiri ko cakoze itohoza mu kwezi kwa gatandatu mu 2009, ariko ko ata muntu kibona yokurikiranwa.

"Igihe ico cegeranyo cakirwa, uwuvuga ko yakorewe amabi ntiyamenyesheje abakora itohoza ikibanza vyakorewemwo canke ingene uwabikoze ameze," niko itangazo rivuga.

"Mu kwezi kw'icenda mu 2018, urwo rubanza rwasubiye kwugurugwa, abakora itohoza bariko bakurikirana amakuru bahabwa," niko rivuga.

Abafasha Ronaldo mu rubanza baheruka kuvuga ko bazitwarira ikinyamakuru Der Spiegel casohoye ayo makuru.