Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubutaliyano bwagize abere abarovyi b'abanye Tunisia bagirizwa kujana abimukira i Buraya
Abarovyi batandatu b'abanye Tunisia bari bafashwe mu ntango z'uku kwezi n'Ubutaliyano bagirizwa 'gufasha abimukira bidaciye mu mategeko' bagizwe abere.
Umwe mu baburanira abo barovyi hamwe n'ishirahamwe ryabo ry'abarovyi bemeje iyo nkuru kuri BBC.
Iryo hagarikwa ryabo barovyi ryari ryababaje abarovyi bose bo muri Tunisia basaba ko barekurwa.
Abashigikiye abo barovyi bo mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igisagara kiri ku kivuko ca Zarzis, bavuga ko bariko barafasha ubwato bwari bufise ikibazo.
Ubwo bwato bwarimwo abantu 14 bariko baragerageza kuja mw'izinga rya Lampidusa ryo mu Butaliyano.
Reta ihari ubu mu Butaliyano yarafashe ingingo ruhasha ku bimukira.
Ico gihugu ni yo nzira y'abimukira bava muri Afrika baja i Buraya baciye mu mazi, bakaba bashakako umuzigo wabo bawusangira n'ibindi bihugu bigize ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.
Umwe mubari muri ubwo bwato yabwiye BBC ko 'bariko bararebanga hagati mu kiyaga' inyuma y'aho imotero y'ubwato ipfiriye.
Mu ntango, abo barovyi bagerageje kubagondoza ngo basubire muri Tunisia, imbere y'uko babashikana hagufi y'Ubutaliyano aho abacungera ikivuko bashobora kubabona.
Ni ho abo barovyi baca bafatwa.
Avugana na BBC, umunyamabanga w'ishirahamwe ry'abo barovyi i Zarzis, Anis Alsouei, yavuze ko umucamanza yamazegutegeko ko abo bagabo barekurwa.
Yavuze ati:"Turanezerewe cane ko barekuwe."
Yongerako ko ifatwa ryabo "ntirizohagarika abarovyi bacu kurokora ubuzima bw'abantu mu kiyaga no kubafasha gushika ku kivuko ca hagufi igihe ubuzima bwabo buzoba bugeramiwe."
Umwe mu barovyi yari yahagaritswe ni Chamseddine Bourassine, umukuru w'ishirahamwe ry'abarovyi i Zarzis.
Arazwi cane muri ico gisagara, nk'uko bivugwa n'umunyakamuru wa BBC ari i Tunis Rana Jawad.
Uwumuburanira, Salvatore Cusumano, yabwiye BBC ko abo bagabo barindiriye ko barekurwa i Palermo.
Yavuze ati:" Mu gihe ibintu vyogenda neza, banashobora kurara bashitse mu hira iwabo."
Mu mategeko y'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, abantu bategerezwa gusaba ubuhungiro mu gihugu ashikiyemwo, ariko Ubutaliyano bwagumye bubuza amato guhagarara ku bivuko bw'ico gihugu.