Imyiyerekano yo kwiyamiriza ibiciro vy'umurengera muri Tunisia

Haheze imisi itatu yikurikiranya hari imyiyerekano mi bisagara bikuru bikuru mu gihugu ca Tunisia aho binubira ibiciro vy'umurengera.

Igipolisi kiguma gitera ivyuka bikoroza amosozi mu bantu benshi bariko bariyamiriza ibiciro vy'umurengera ituma badashobora kuronka ibintu vya nkenerwa.

Umushikiranganji wa mbere Youssef Chahed yateye ivyatsi iyo myiyerekano avuga ko adashobora kwemera ko haba ubugizi bwa nabi muri iyo myiyerekano.

Ku ruhande rwabo, abari mu myiyerekano na bo bidogeye igipolisi ko ari bo babiteye.

"Iyi myiyerekano n'iyo ubuzima buguma buzimba, baradugiye igiciro cane, biragoye kugira ibi bintu bihinduke, nkeka tubanje gukura uyu mukuru w'igihugu"

Abadandaza benshi bahagaritswe n'igipolisi baranibwa, mu gihe abajejwe umutekano bariko barongereza abajejwe kurinda inyubakwa za reta.

Abantu bashika amajana abiri bapfunzwe, mu gihe hari umugambi w'iyindi myiyerekano itegekanijwe ejo.