Abasirikare bari kw'ikarashishi bagizweko igitero n'abagabo bitwaje inkoho i Ahvaz

Ahavuye isanamu, AFP
Inkuru zibandanya zivuga ko abateye barashe binyegeje mw'ishamba ryegereye ahabera iyo karashishi, kandi bari bambaye impuzu za gisirikare.
Umushikiranganji wa Iran ajejwe imigenderanire yavuze ko "abitwaje iterabwoba" bafashijwe "n'ubutegetsi bwo mu kindi gihugu" ari bo bari inyuma y'ubwo bwicanyi.
Ibinyamakuru vya reta n'abategetsi bagiriza abagwanyi b'aba Sunni canke abarabu b'abanasiyonaliste.
Itororokanirizo ry'amakuru rya Fars ryavuze ko ico gitero catanguye isaha 09:00 zo muri Iran (06:00 BST), kikaba cakozwe n'abagabo bane bitwaje inkoho.
Abo bateye barashe mu banyagihugu, banagerageza kugira igitero ku bategetsi ba gisirikare bari bicaye mu bwugamo, nk'uko ico kinyamakuru kibandanya kivyandika.Abantu bitwaje ibigwanisho barashe abasirikare ba Iran bari mw'ikarashishi mu gisagara kiri mu bumanuko bushira uburengero ca Ahvaz, bica abantu 11 harimwo n'abanyagihugu basanzwe, bakomeretsa abarenga 20 nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca reta.

Ahavuye isanamu, AFP

Ahavuye isanamu, AFP
Babiri muri abo bagabo bateye na bo bishwe n'abajejwe umutekano, mu gihe abandi babiri bafashwe, nk'uko bivugwa n'icegera c'umukuru w'iyo ntara, Ali Hosein Hoseinzadeh.
Inkuru zibandanya zivuga ko abasirikare umunani hamwe n'umumenyeshamakuru bari muri abo bishwe.
Nta mugwi n'umwe uriyitirira ico gitero camaze iminota cumi.
Ariko umushikiranganji w'imigenderanire wa Iran Mohammad Javad Zarif yavuze:"Iran ifata ko abashigikiye iterabwoba mu karere n'umukuru wabo ari we Amerika ari bo bakwiye kubibazwa."
Iran iguma yagiriza umukeba wayo muri ako karere, Arabia Saudite ko ishigikiye ibikorwa vyo kwiyonkora vy'inkehwa z'abarabu.
Ahvaz ni kimwe mu bisagara vyabayemwo imyiyerekano y'abaterekwa reta binubira ingene ubuzima busigaye buzimvye mu mpera z'umwaka uheze.
Iran yariko iribuka igihe intambara yabahuza na Irak yatanguriye 1980-1988, aho hateguwe ikarashishi y'abasirikare mu gihugu cose.











