Umukenyezi yagwanya ubutegetsi bw'u Rwanda, Victoire Ingabire yagiriwe ikigongwe

Umunyapolitike Victoire Ingabire yarapfunzwe kuva mu 2010 yarekuwe inyuma yaho agiriwe ikigongwe ari kumwe n'abandi banyororo barenga 2000 barimwo umuririmvyi Kizito Mihigo, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC yabishikirije.

Mu 2013, sentare ntahinyuzwa yari yamwongereje igihano, ikiringo ciwe co gupfungwa kiva ku myaka umunani kija ku myaka 15.

Igihe afatwa yagirizwa kugumurira abanyagihugu kugwanya ubutegetsi, gutunganya umugwi w'inyeshamba wotera igihugu hamwe no gufata minenengwe ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu 1994.

Mu kiganiro c'umwanya muto cane n'abamenyeshamakuru, Madamu Ingabire yasavye Prezida Paul Kagame ngo arekure na bagenziwe bapfungiwe politike.

Uwundi yarekuwe n'umuririmvyi Kizito Mihigo yari yakatiwe igipfungo c'imyaka 10 mu kwezi kwa kabiri kwo mu 2015.

Ico gihe yagirizwa ko yakoranye n'abandi, barondera kwica umukuru w'igihugu Paul Kagame hamwe n'abandi bategetsi b'u Rwanda.

Asubiye kubona ubuzima bwo hanze, Bwana Mihigo yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Ni ingingo igiye kungirira akamaro mu buzima, ko ngiye gusubira kubona abagenzi n'umuryango, ngerageze kwiyubaka nongere nshinge urwanje. Ingingo ubutegetsi bwafashe ni nk'ubutumwa bw'amahoro agiye gukomezwa mu gihugu."

Muri rusangi abanyororo 2140 nibo bagiriwe ikigongwe n'umukuru w'igihugu Paul Kagame ku munsi wa gatanu.

Mw'itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bw'ubutungane mu Rwanda, bikavugwa kw'ingingo yo kurekura Madamu Ingabire na Bwana Mihigo, ituruka ku kuba bari baranditse basaba ikigongwe.