Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu Burundi, polisi yerekanye umurwi w’abakekwa kuba abasuma urongowe n’abagore
Ubushikiranganji bw'umutekano bwerekanye akagwi kabo buvuga ko ari inkozi z'ikibi buvuga ko bari bagisibije mu kwibisha inkoho mu mihana y'igisagara ca Bujumbura.
Pierre Nkurikiye yasiguriye abamenyeshamakuru ko mu kwiba biyoberanya bakigira nk'abakozi b'ishirahamwe ritunganya ivy'amazi n'amatara mu Burundi REGIDESO.
Ako karwi kerekanywe abamenyesha makuru, kagizwe n'abasirikare, abapolisi, abanyagihugu basanzwe n'umunyamahanga.
Uwo avugira ubushikiranganji bw'umutekano yavuze ko baza bafise ikoresho vy'iryo shirahamwe, bakinjira mu mihana nk'abaje kugenzura ivy'amazi n'amatara.
Bashitse mu rupangu, baca basokorora inkoho.
Pierre Nkurikiye yatanze umuco ati,
« Abafashwe bose hamwe ni 10. Igitangaje kitari kimenyerewe ni uko uwo mugwi urongowe n'abagore».
Umwe muri ni umupolisikazi.
Intandaro yo gufatwa
Cabaye igitero bagize ku muhana w'umu taliyano aba mu Burundi, mu mpera z'indwi iheze.
Umwe muri bo yatawe muri yompi akaba ari we yavuze iyo abandi binyegeje.
Bimwe mu bibazo biguma bigaruka ni ukumenya
- iyo bakura imiduga, inkoho canke ibikoresho vya regideso, bakoresha.
- ko ari ako karwi k'abantu 10 gusa gafise izo nguvu z'ugukora ayo mabi, ku murwa mukuru w'igihugu.
Pierre Nkurikiye amenyesha ko amatohoza yatanguye kugira ukuri kumenyekane.
Ubusuma bw'imigwi yitwaje ibigwanisho bwasa n'ubwabaye ndanse mu bice bitandukanye vy'igihugu.
Mu ntango z'uku kwezi kw'umunani, abantu bane nibo bahitanywe n'itana mu mitwe hagati y' inzego z'umutekano n'umugwi w'abasuma muri komine ya Mukike, mu ntara ya Bujumbura.