Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Abantu umunani bahitanywe n'igitero ca grenade
Abantu umunani bapfuye abandi 50 barakomerekera mu gitero ca grenade cabaye ku mutumba wa Shinya muri komine Gatara mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw'Uburundi.
Ico gitero cabaye mu masaha cumi na zibiri n'igice yo ku mugoroba.
Abantu bane baciye bapfa ubwo nyene abandi nkabo nyene bakaba bapfuye bamaze gushika kwa muganga.
Abandi bantu 50 bari muri ico kibanza co kwivuniramwo akanyota baracariko baravurwa.
Uwagize ico gitero ntaramenyekana.
Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi Pierre Nkurikiye avuga ko amatohoza aza yamaze gutangura .