Afrika y'epfo yatanguye itohoza ku birego vya Jacob Zuma

Jacob Zuma yagirizwa ikiganza c' umuryango wa Gupta mu ngingo za leta

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Jacob Zuma yagirizw ako yemereye umuryango w'abatunzi kwosha abafata ingingo muri politike y'igihugu

Ivyaha Jacob Zuma akekwako, bigiye gutangura gukorwako itohoza n'umugwi uyobowe n'icegera c'umushikiranganji w'ubutungane Ray Zondo.

Ivyo vyaha Jacob Zuma akekwako, birimwo gukoresha ubutunzi bw'igihugu ku nyungu ziwe.

Jacob Zuma, aregwa ko yahaye abo mu muryango w'uwitwa Gupta uburenganzira bwo gutegeka leta abashigw amu bibanza vy'inzego z'igihugu canke abahabwa amasoko mu bikorwa bitandukanye birimwo imitahe ya leta.

Muri 2016 habaye imyiyerekano myinshi yo kwiyamiriza Zuma
Insiguro y'isanamu, Muri 2016 habaye imyiyerekano myinshi yo kwiyamiriza Zuma

Uwahoze ari umushikiranganji w'ikigega ca leta Pravin Gordhan, avuga ko yasanze hafi miliyaridi indwi zaranyurujwe ziva mu migega c'igihugu mu buryo bw'ibiturire.

Ubwo busuma bwataziriwe 'state capture', vyogereranywa no gufata mpiri leta, nibwo batumye Jacob Zuma afata ingingo yo gukura meza.

Uwo mugwi ujejwe kumukora ko itohoza, nta bubasha ufise ariko bwo kumuburanisha, ariko ivyavuye mw'itohoza ryawo, bishobora guzokoreshwa mu rubanza muri kazoza.