Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatavuga rumwe na leta muri Zimbabwe batanye mu mitwe n'abajejwe umutekano bagiriza leta kwiba amatora
Abajejwe umutekano muri Zimbabwe batanye mu mitwe n'abashigikiye abatavuga rumwe na leta ku murwa mukuru Harare, bagiriza leta kwiba amatora y'ejo kuwa mbere.
Humvikanye urufaya rw'amasasu kandi bikavugwa ko umuntu umwe yarashwe agahwera.
Abasirikare bitwaje imbugita zishirwa ku nkoho zizwi kw'izina rya bayonettes, birutse ku banyagihugu mu mabarabara.
Igipolisi cakoresheje amasasu nyayo hamwe n'ivyuka biryana mu maso ku bari mu myiyerekano, nabo bagatera amabuye banaturira amapine.
Imyiyerekano yatanguye umugwi ujejwe amatora umaze kumenyesha ko umugambwe uri ku butegetsi, ZANU-PF, watsindiye bibiri vya gatatu vy'intebe zo mu nama nshingamateka.
Mu gihe ivyavuye mu mataro y'umukuru w'igihugu bitaramenyekana, umukuru w'igihugu ariho ubu, Emmerson Mnangagwa, yamagariye abantu gutekana.