Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mnangagwa na Chamisa bahiganywe mu matora ya prezida wa Zimbabwe bose bizeye intsinzi
Igihugu ca Zimbabwe kirarindiriye ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu, aho abahiganywe bose bavuga ko bizeye intsinzi.
Prezida Emmerson Mnangagwa avuga ko yaronse "inkuru zihumuriza" ariko uwutavuga rumwe na reta na we Nelson Chamisa yavuze ko umugambwe wiwe "watsinze bimwe bigaragara."
Igihugu ca Zimbabwe cagize amatora y'umukuru w'igihugu, inama nshingamateka hamwe n'abahanuzi bo mu nzego zo hasi.
Amatora yo kuri uyu wa mbere - aya mbere kuva umukuru w'igihugu yari amaze igihe kirekire ku butegetsi abuvanyweko ku nguvu - yitabwe n'abantu benshi bashika ku bice 75%.
Vyitezwe ko amajwi y'urwaruka ari yo aza kudadanura ibintu - aho igice c'abanye Zimbabwe bashika ku miliyoni 5.6 biyandikishije mu matora bafise musi y'imyaka 35.
Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya hamwe n'indorerezi z'amatora zo muri Amerika baremerewe kuza muri ico gihugu ubwa mbere mu myaka 16 gukurikirana ko aro matora aba mu muco kandi ata ho yegamiye.
Umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora muri Zimbabwe (ZEC) Priscilla Chigumba yavuze ko ko yanezerejwe n'uko ata busuma bwabaye.
Yabwiye abamenyeshamakuru ati:"Ntutuzohindura ico abanyagihugu bipfuza."
Amatora yagiye araba imbere yagiye arangwa n'ubusuma hamwe n'iterabwoba.
Akanama ka Zec gafise gushika ku musi wa gatandatu ngo kazobe katangaje ivyavuye mu matora ariko Chigumba yavuze ko yiseye ko ico gikorwa gishobora gukorwa imbere y'ico kiringo.
Abarorerezi b'amatora bavuga ko Mnangagwa wa Zanu-PF na Chamisa wa MDC Alliance begeranye cane mu majwi.
Abo bagabo babiri bakaba bari mu bashika 23 bitoreje ikibanza c'umukuru w'igihugu.
Ku musi wa kabiri, bose baramenyesheje ko batsinze ariko bavuga ko barindiriye ko Zec ibitangaza.
Bose ni ubwa mbere bahiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu, bakaba bakeneye ibice birenga 50% vy'amajwi kugira batsinde.
Bitagenze uko, ayandi matora azica aba itariki 8 z'ukwezi kw'icenda.