Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanye Zimbambwe benshi batoye mu matora ya mbere atarimo Robert Mugabe
Hiriwe imirongo miremire ku tuzu tw'amatora muri Zimbabwe, aho urugaga rw'amashyaka atavuga rumwe na leta rwizera gutsinda ishyaka Zanu-PF riri ku butegetsi kuva Zimbabwe yabona ubwigenge.
Uwitoza kw'izina rya MDC, Nelson Chamisa w'imyaka mirongwine, yiyerekana nk'uwuzanye bishya muri politike ya Zimbabwe.
Perezida Emmerson Mnangagwa w'imyaka mirongwirindwi n'itanu, wahoze ari umufasha wa hafi wa Perezida Robert Mugabe wakombowe, yizera kwemererwa gukomeza gutegeka.
Hazaba inshuro ya kabiri y'amatora mu kwezi kw'icyenda nihatagira umukandida n'umwe ubona amajwi arenze igice cy'amajwi yose.
Amatora agiye mu mateka
Abaturage ba Zimbabwe bagejeje igihe cyo gutora bazindukiye mu matora ya perezida - ya mbere abaye atarimo bya hafi Robert Mugabe wategetse iki gihugu mu gihe cy'imyaka 37.
Bwana Mugabe, perezida wa mbere wa Zimbabwe, yakuwe ku butegetsi mu kwezi kwa cumi na kumwe k'umwaka ushize wa 2017.
Abakandida b'ingenzi muri aya matora y'uyu munsi, ni Perezida wa Zimbabwe uriho kuri ubu, Emmerson Mnangagwa wo mu ishyaka Zanu-PF, na Nelson Chamisa, ukuriye urugaga rw'amashyaka atavuga rumwe n'ubutegetsi.
Kuri uyu wa mbere kandi, habaye n'amatora y'abagize inzego z'ibanze n'ay'abadepite.
Amakusanyabitekerezo aragaragaza ko Bwana Mnangagwa arusha amahirwe ho gato uwo bahanganye Bwana Chamisa wo mu shyaka rya MDC rivuga ko rigamije impinduka iciye muri demokarasi.
Aya matora yitabiriwe n'indorerezi ziturutse mu mahanga zibarirwa mu magana mu kugenzura ko agenda neza.
Ariko abatavuga rumwe n'ubutegetsi bamye bavuga ko ibikorwa byo kwibaruza ku rutonde rw'abatora bitagenze neza.
Banavuze ko bafite impungenge ku mutekano w'impapuro z'itora ndetse no ku guterwa ubwoba bavuga ko byabaye mu bice by'icyaro, ariko akanama k'amatora karabihakana.
Aya matora abaye nyuma y'imyaka ibarirwa mu macumi y'ubutegetsi bw'igitugu bwazahaje ubukungu bwa Zimbabwe.
Mu bibazo byugarije Zimbabwe, harimo nk'umubare munini w'abadafite akazi babarirwa ku kigero cya 90% by'abaturage barenga gato miliyoni 16 batuye iki gihugu.
Mu kwiyamamaza kwe, Bwana Mnangagwa yavuze ko aramutse atowe yatanga imirimo ku batagira akazi ndetse akazana impinduka mu bukungu.
Amaze kurusimbuka inshuro nyinshi, mu bikorwa byo kumuhitana ashinja abashyigikiye Bwana Mugabe kuba inyuma yabyo.
Bwana Chamisa bahanganye, we yabaye depite afite imyaka 25 y'amavuko. Aramutse atsinze aya matora, yaba abaye perezida muto cyane mu myaka mu mateka ya Zimbabwe.
Mu bikorwa byo kwiyamamaza kwe, yasezeranije ko ashaka kuzahura ubukungu bwa Zimbabwe. Ariko yakunze kunengwa ko asezeranya ibintu byo kwigerezaho - nko kuvuga ko azazana gariyamoshi ifite umuvuduko nk'uw'isasu ndetse agatuma n'imikino ya Olempike ibera muri iki gihugu.
Ariko uyu Chamisa ubundi usanzwe ari umupasiteri wabyigiye, ashobora kuba yatewe akanyabugabo n'amagambo ya Bwana Mugabe yavuze mu kiganiro n'abanyamakuru cyabaye giturumbuka kuri iki cyumweru.
Bwana Mugabe w'imyaka 94 y'amavuko, yavuze ko Bwana Chamisa ari we mukandida wenyine wemewe.
Imibare ijyanye n'aya matora
- Abaturage bangana na miliyoni 5 n'ibihumbi 635 na 706 ni bo bibaruje bashaka gutora mu matora y'uyu munsi; nubwo bwose abatavuga rumwe na leta uyu mubare bawufiteho impungenge
- 43.5% byabo bafite imyaka y'amavuko iri mu nsi ya 35
- Hari ibiro by'itora ibihumbi 10 na 985 mu gihugu hose
- Aya matora abaye hari hashize imyaka 16 indorerezi z'amatora zo mu muryango w'ubumwe bw'Uburayi ndetse no muri Amerika zimeterewe kugenzura ibikorwa by'amatora muri Zimbabwe