Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya yabujije umuti upfupfahaza SIDA ku bagore bakivyara
Ubushikiranganji bujejwe amagara mu gihugu ca Kenya bwabwiye abakora mu vy'amagara kudasubira guha abagore bakivyara, umuti mushasha upfupfahaza umugera wa SIDA uzwi nka DTG.
Ibigo bijejwe imiti vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Buraya vyari bimaze amezi abiri bigabishije ku muti witwa dolutegravir canke DTG.
Ivyavuye mu nyigo zagizwe ku bagore bagendana umugera wa SIDA bakoresheje uwo muti muri Botswana, vyerekanye ko hafi ya rimwe kw'ijana vy'abana bavutse kuri abo bagore, bavukanye ingorane zibangamira uruti rw'umugongo canke ubwonko.
Ivyavuye muri iyo nyigo ntibitanga inyishu itomoye, ariko abajejwe ubugenduzi ntibashaka ko abantu bigerezako.
Ikigo gihingura imiti co mu Bwongereza, GlaxoSmithKline, cahinguye umuti DTG, kivuga ko ata kintu cigeze cigaragara mu nyigo zambere.
Ngo ariko ico kigo kiriko kirakorana n'abarongozi bajejwe ivy'amagara kw'isi kugira bategere neza ingaruka uwo muti ushobora gutera.