Ibintu vy'agaciro vya Jammeh bigiye gutezwa camunara muri Gambia

Ibihugu vyo mu karere vyaragize uruhara mu kugondoza Jammeh ngo ave muri ico gihugu inyuma yo gutsindwa mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2016 ariko yanka kuva ku butegetsi.

Yagiye asiga indege zitanu hamwe n'imodoka z'agaciro 30, harimwo Rolls-Royces na Bentleys, hamwe n'ibibanza vyiza bitandatu, nk'uko bibandanya bivugwa na AFP.

Mu mwaka uheze, reta yavuze ko yiteze kuronka imiliyoni n'imiliyoni z'amadolari mu kugurisha ibinyu Jammeh, ivuga ko izoyashira mu bisata vy'amagara y'abantu n'indero.

Umunyamabanga wa reta ajejwe ikigega Lamin Camara yavuze ati:"Ico turiko turakora nka reta ubu, n'ukugena urubuga aho ivyo bintu bizogurishirizwa."

Itariki bizogurishirizwako ntiramenyekana.