Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Yahya Jammeh yavuye muri Gambia
Uwahora arongora Gambia Yahya Jammeh yavuye mu gihugu inyuma yaho atsindiwe amatora amukuye ku butegetsi yaramazeko imyaka 22.
Yinjiye indege imutwara mu gihugu ca Guinée munyuma aje gusaba ubuhungiro mu gihugu ca Guinée Equatoriale, nkuko ishirahamwe ry'akarere Ecowas ryavuze.
Bwana Jammeh yatsinzwe amatora na Adama Barrow mu kwezi kwa 12 munyuma arahakana ivyayavuyemwo.
Bwana Barrow ari mu gihugu ca Senegal ariko yavuze ko agiye gusubira vuba muri Gambia.
Mu kiganiro yagiranye na BBC , Bwana Barrow yavuze ko yipfuza kugena umugwi w'ukuri no kunywanisha abanyagihugu uzotohoza ku mabi yakozwe ku butegetsi bwa Bwana Jammeh.
Ecowas yavuze ko igikorwa abasirikare bari bahawe co kuja muri Gambia gushigikira Barrow ubu giheze ariko ngo hari igice cabo kizoguma yo ku mvo z'umutekano, niko Marcel de Souza arongoye iryo shirahamwe yavuze.