Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Leta ya Amerika yategetswe guhuza imiryango y'abimukira
Umucamanza yategetse Leta Zunze Ubumwe z'Amerika ko mu gihe kitarenze iminsi 30 ziba zamaze kongera guhuza abana b'abimukira batandukanyijwe n'imiryango yabo.
Umucamanza yatanze iyo ntambamizi mu rubanza rujyanye no gutandukanywa kw'imiryango y'abimukira muri gahunda ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump bufite yo "kutihanganira umwimukira n'umwe".
Hagati aho, gahunda yo gutandukanya imiryango y'abimukira ku mupaka na Mexico iri kwamaganwa na leta 17 muri 50 zigize Amerika.
Umucamanza Dana Sabraw wo mu mujyi wa San Diego ni we watanze iyo ntambamizi kuri leta ku wa kabiri, mu rubanza rwashinzwe n'ishyirahamwe riharanira uburenganzira bwa muntu muri Amerika.
Yabikoze mu izina ry'umugore watandukanyijwe n'umwana we w'umukobwa w'imyaka itandatu y'amavuko nyuma yo kugera muri Amerika mu mwaka ushize wa 2017.
2300 batandukanyijwe n'ababyeyi
Bwana Sabraw yategetse leta y'Amerika kongera guhuza ababyeyi n'abana babo bafite imyaka iri munsi y'itanu y'amavuko, ikabikora mu gihe kitarenze iminsi 14, naho ku bana barengeje iyo myaka byo ikabikora mu gihe kitarenze iminsi 30.
Kuva mu ntangiriro y'ukwezi kwa gatanu, abana barenga 2300 b'abimukira batandukanyijwe n'ababyeyi babo.
Bikubiye muri gahunda itavugwaho rumwe y'ubutegetsi bwa Trump, igamije gukurikirana mu nkiko nk'umunyabyaha umuntu wese wambuka umupaka mu buryo butemewe n'amategeko.