Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umupadiri aririmba rap yahagaritswe muri Kenya
Umupadiri umwe wo muri katolika mu gihugu ca Kenya yabaye rurangiranwa kubera uburyo akoresha umuziki mu gukosora abantu yahagaritswe mu mabanga yiwe.
Paul Ogalo batazira 'Sweet Paul' yahora akoresha umuziki wa rap nk'inzira yo kwiyegereza urwaruka rwinshi kugira rwitabire imisa.
Yavuga ko umuziki ari inzira nziza cane, atari gusa kugira kwiyegereza urwaruka ahubwo gukwiragiza ijambo ry'Imana.
Zimwe mu ndirimbo ziwe nk'akarorero:"Nimuze mw'isengero hari imigisha, nimuze mw'isengero hari umugisha..."
Ariko iyo ngendo yiwe ntiyanezereje abamutwara muri katolika mu burengero bwa Kenya aho baciye bamuhagarika mu mabanga yiwe mu kiringo c'umwaka kugira ngo "yisubireko".
Musenyeri w'iyo diyoseze Bay Philip Anyolo yavuze ko uwo mupadiri ategerezwa guhitamwo kuririmba umuziki wa rap canke kuba padiri.
Yavuze ko uwo mupadiri ata burenganzira afise bwo gusubira gusoma misa mu kiringo c'umwaka umwe, ariko ararekuriwe kuyijamwo no kuyisoma mw'ibanga.
Padiri Ogalo yahora ahindura impuzu zo gusoma misa, imisa isohotse agaca yambara igitambara kirekire gifise amabara atukura n'ayirabura mu mutwe, ipataro itamufata, agaca atangura kuririmba nka kurya abaririmvyi ba rap bagira.
Ivyo vyahora binezereza urwaruka rwinshi eka mbere n'abandi bakristu bakuze.
Musenyeri Anyolo avuga ko ingingo yo kumuhagarika mu mabanga yiwe yafashwe mu kwezi guheze.
Ariko kandi yavuze ko uwo mupadiri afise uburenganzira bwo kubandanya gukoresha umuziki wa rap nk'uburyo bwo kwigisha ijambo ry'Imana urwaruka "ariko ko atarekuriwe kubigirira kuri arutari."
"Ivyisi n'ivyidini ntibishobora kujana. Padiri Ogalo afise ikiringo c'umwaka kugira yisubireko, kugira afate ingingo ko akwiye gukurikirana ubuzima yahisemwo bwo kuba padiri," ni ko uwo musenyeri yavuze.
Uwo mupadiri yabwiye BBC ko abamutwara bataramumenyesha ko yahagaritswe mu mabanga yiwe, ariko ko izo nkuru yazumvise ku mbuga ngurukanabumenyi.
Yagize ati: "Nasanze urwaruka rukunda umuziki, ari na co gituma baja iyo batamba, hanyuma ndibwira nti nimba ari vyo bakunda, reka ndabibakorere nanje."
"Jewe ndirimba indirimbo zose, iz'Imana, riddimsm, hip-hop, raga, reggae kugira ndabavangire."
"Abantu benshi nta ngorane babibonamwo, babona ko ari ingabirano, ntegerezwa kubandanya. Ariko bake ni bo babibonamwo ikibazo, ariko ikibazo ni kumenya nimba ishengero riri mu bantu canke abantu bari mw'ishengero, kuri ivyo rero nta kibazo kuko ibintu vy'idini bijanye n'ivy'isi, igikenewe n'uko bigishwa ibintu vyiza mu buzima bwabo."