Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca grenade mu gikorane c'umushikiranganji wa mbere muri Ethiopia
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yavuze ko ari abantu benshi biciwe mu gitero ca gerenade mu gikorane yariko ashikirizamwo ijambo ku munsi wa gatandatu.
Yavuze ko ari "igitero ataho gishitsa c'inteko zidashaka ko Ethiopia yiyunga".
Bwana Abiy yaciye akugwa muri ico kibanza inyuma y'ico gitero, hiketswe ko yoba ari gerenade yatewe mu banyagihugu ibihumbi bari bakoraniye ahitwa Meskel Square.
Kuva aho agiriye ku butegetsi aguma arondera guhindura ibitagenda neza, harimwo ukwuguruza imbuga ngurukanabumenyi zugawe hamwe n'imihora ya televiziyo.
Bwana Abiy yavuze kandi ko yiteguye gushira mu ngiro amasezerano y'amahoro yapfunditswe n'igihugu ca Eritrea mu 2000, inyuma y'imyaka ibiri y'ingwano.
Eritrea yiyamirije ico gitero, uwuyiserukira mu gihugu c'Ubuyapani Estifanos Afeworki akaba yavugiye kuri Twitter ko ico gikorane "cerekanye ko abantu bipfuza amahoro", igikorane kibaye ica mbere mu mateka ya Ethiopia.
Ku munsi wa gatanu hari umugwi w'inyeshamba wari wamenyesheje ko uhagaritse guhangana na leta.
Umugwi "Ginbot 7" ufise icicaro muri Eritrea, wavuze ko amahinduka akogwa na Bwana Abiy atanga icizere "ko demokarasi nyakuri" ishoboka.
Bwana Abiy yabaye umushikiranganji wa mbere inyuma yaho uwo yasubiriye Hailemariam Desalegn, atangiye imihoho mu kwezi kwa kabiri ata muntu yaravyiteze.
Niwe mutegetsi wa mbere avuye mu bwoko bw'aba Oromo, bwagiye buratunganya imyiyerekano yamaze imyaka itatu mu gihugu ihitana abantu amajana.
Bimwe mu vyo bidogera nuko bavuga ko bakumiwe haba muri politike, ubutunzi no ku bijanye n'imico, naho aribwo bwoko bugizwe n'abantu benshi muri Ethiopia.
Ubutegetsi bwa Ethiopia bwagumye bwagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu mu guhohotera no kuja mu vy'ubwicanyi ndengerabutungane.
Abiy Ahmed ni nde?
Bivugwa ko Bwana Abiy ashigikiwe n'urwaruka rwo mu bwoko bw'aba Oromo n'urwo mu yandi moko
Niwe arongoye umugambwe w'aba Oromo, "Oromo People's Democratic Organisation" (OPDO), umwe mu migambwe ine ishingiye ku moko igabanganye ubutegetsi muri kino gihe.
Uwo mugabo w'imyaka 42 yavukiye mu gisagara ca Agaro mu karere ka Oromia, akaba ava mu muryango urimwo abakristu n'aba Islamu, akaba yinjiye muri OPDO mu 1980.