Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abashingamateka muri Tanzania baripimisha umugera wa Sida
Uyu musi abashingamateka bo muri Tanzania barapimwa umugera wa Sida mu gisagara ca Dodoma mu mugambi w'abategetsi wo kuba akarorero mu kugwanya uwo mugera wa Sida.
Uretse kwipimisha ku gushaka, abashinga mateka kandi baza kuba bafise ibikorwa bitandukanye nk'imwe mu nzira yo gushigikira umugambi wa reta mw'isekeza ryo gupima umugera wa Sida mu gihugu cose ryatangujwe n'umushikiranganji wa mbere Kassim Majaaliwa.
Ibiharuro vya reta vyerekana ko abantu imiliyoni 1.4 babana n'ubwandu bwa Sida ariko ko ibice 52 kw'ijana gusa ari bonyene bazi ko bagendana uwo mugera.
Reta yaratanguje isekeza rizomara amezi atandatu rifise intumbero yo guha imiti igabanya amakari y'uwo mugera abantu bawugendana.
Vyitezwe ko abashingamateka barenga 300 bo mu gihugu ca Tanzania bazotanga ako karorero keza ko kwipimisha ku mugaragaro ku cicaro c'inama nshingamateka.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu Ummy Ali Mwalimu, umukuru w'inama nshingamateka Job Ndugai hamwe n'abandi bategetsi batanguye kwipimisha muri iki gitondo.
Umukuru w'akanama kajejwe kugwanya umugera wa Sida mu nama nshingamateka, Oscar Mukasa yavuze ko uwo mugwi uzotegura ibikorwa vyinshi vyo gushigikira iryo sekeza rya reta y'ico gihugu ryo kugwanya umugera wa Sida, ryatangujwe n'umushikiranganji wa mbere wa Tanzania Kassim Majaliwa ku musi wa kabiri.
Iryo sekeza rizwi kw'izina rya 'Furaha Yangu' (Umunezero Wanje), rikorwa ku bufatanye bwa reta n'ishirahamwe ritanga imfashanyo mw'iterambere rya Amerika USAID, mu gisata c'amagara y'abantu hamwe n'ibindi bisata bisanzwe bifashanya.
Bimwe mu bindi bikorwa bizokora n'inama nshingamateka nk'uko bivugwa na Mukasa, harimwo ikoraniro kaminuza ku nyifato y'abategetsi mu kugwanya umugera w'ingwara ya Sida.
Hazokwerekanwa kandi uko ico gikorwa kiriko kirakorwa n'amashirahamwe ategamiye reta mu kugwanya uwo mugera kuva kuwa gatanu gushika ku wa gatandatu.
Nk'uko bivugwa n'akanama kajejwe kugwanya umugera wa Sida muri Tanzania (TACAIDS), umugera w'iyo ngwara urageramiye urwaruka ruri hagati y'imyaka 14 na 25.