Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Papa yamereye abasenyeri 3 bo muri Chili gutanga imihoho
Abepiskopi batatu ba Ekleziya katolika, bari muri 34 basavye gutanga imihoho muri Chili, Papa Francis yamenyesheje ko yemeye itanga ry'imihoho ryabo.
Abepiskopi batanze imihoho barimwo Musenyeri Barros yari yagirijwe guhishira ivyaha vy'ihohotera rifatiye ku gitsina vyagirizwa uwundi mupatiri.
Uwo mupatiri yagirizwa ko yabikoze hagati y'imyaka ya za 1980 na 1990.
Papa Francis yavuze ko yakoze amakosa akomeye cane mu kumuvugira, mu ntango.
Abasenyeri bose bo mu gihugu ca Chili uko ari 34 batanze imihoho.
Ingingo ya Papa yo kwemera itanga ry'imihoho rya batatu muri bo, yatangajwe n'ibiro vy'ubutegetsi bwa Vaticano, mu gitondo co kuri uyu wa mbere.
Uretse Musenyeri Barros wa Osorno, Musenyeri mukuru Cristián Querido Cordero wa Puerto Montt hamwe na Musenyeri Gonzalo Duarte García wa Valparaíso nibo bagiye gusubirizwa.
Nti vyatangajwe nimba abandi 31 basigaye bemerewe canke batemerewe gutanga imihoho.
Papa yinjiye muri ico kibazo ca Juan Barros mu kwezi kwa mbere aho aseye nk' uwuvugira Musenyeri Juan Barros.
hari mu rugendo yagize mu gihugu ca Chili.
Ico gihe yavuga ko abagiriza uwo musenyeri ari abashaka gucafuza Ekleziya.
Mu nyuma Papa Francis yahavuye asaba imbabazi abigiriwe ayo mabi ati :
"Nsavye imbabazi kubona narabababaje ntabizi, ariko ni igisebe nabateye ntavyifuza".
Ukwiyamiriza iyatirwa rya Musenyeri Juan Barrosuri wa Diyosezi ya Osorno.
Mu mwaka w'i 2015, abantu barenga 1000 bandikiye Papa Francis bamusaba gusubiramwo iyo ngingo.
Abaharurwa mu majana bagiye mu myiyerekano yo kumwiyamiriza igihe yatirwa mur'ayo mabanga.
Bagiriza Musenyari Barros gukoresha ububasha bwiwe muri Ekleziya ku gukingira ikibaba ibikorwa vy'uwa mubereye umuhetsi muri ayo mabanga, Furera Fernando Karadima.
Uyu nawe yari yaragirijwe icaha co guhohotera abana n'ubutegetsi bwa Vatican.
Abakorewe amabi na Fernando Karadima bavuga ko Juan Barros yabona igihe uwo mupatiri yabahohotera.
Musenyeri Barros arahakana ivyo aregwa.
Ingingo ya Papa ije inyuma yo kwakira i Vaticano imigwi ibiri y'abakorewe ayo mabi.
Abapatiri bagera ku 80 bo muri Ekleziya Katolika nibo bamaze kuregwa mu butegetsi bwa Chili ko bahohoteye abana mu kiringo c'imyaka 18.
Kuri ubu butegetsi bwa Papa Francis, hashizweho umurwi wo kurwanya ihohotera rifatiye ku gitsina no gufasha abarikorewe.