Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Pierre Nkurunziza amenyesheje ko atazokwitoza mu 2020
Umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza, mu muhango wo gushira umukono kw'ibwirizwa shingiro rishasha, amenyesheje ko atazokwitoza mu matora yo mu 2020.
Benshi mu batavuga rumwe na Prezida Nkurunziza bavuga ko ibwirizwa shingiro ryahinduwe kugira azoshobora kuguma ku butegetsi gushika mu 2034.
Hari mbere n'abavuga ko intumbero ari ukwigira umwami mushasha w'u Burundi.
Ariko ibi ntivyatangaje abamwegereye, kuko bobo bamye bavuga ko ibwirizwa shingiro ritahinduriwe Prezida Nkurunziza.
Gushira umukono kw'ibwirizwa shingiro
Ivyo birori biriko birabera mu ntara ya Gitega, muri komine Bugendana ahakoraniye abategetsi bose.
Inyuma yo gushira umukono kuri iryo bwirizwa shingiro ku kirimba i Gitega, ibindi birori vyabandanirije ku kibuga c'i Bitare muri komine Bugendana.
Abanyagihugu benshi bakoraniye kuri ico kibuga barindiriye ijambo nyamuru ry'umukuru w'igihugu.
Iryo bwirizwa shingiro Abarundi baryemeje irariki 17 z'ukwezi kwa gatanu.
Rwasa Agathon arongoye urunani Amizero y'Abarundi rwiyamamarije kurihakana, yaranse kwemera ivyayavuyemwo.
Yarituye sentare ijejwe ibwirizwa shingiro kugira hategurwe ayandi matora, ariko iyo nayo yavuze ko ibirego vyiwe ata shingiro bifise.
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yatangaje ko "Ego" yatsinze ku bice birenga 70 kw'ijana.