Cuba yahaye Kenya abaganga bo gufasha mu turere bakenye

Abaganga mirongo itanu bavuye mu gihugu ca Cuba bashitse muri Kenya, mu twigoro two kwongera ibikorwa vy'ubuvuzi cane cane mu turere dukenye abaganga.

Abandi baganga 50 b'abahinga vyitezwe ko bashika mu mpera z'ino ndwi hakurikijwe umwumvikano uzotuma abaganga benshi bo muri Kenya bahabwa inyigisho muri Cuba.

Ariko rimwe mu mashirahamwe y'abaganga yo muri Kenya ryavuze ko uwo mwumvikano atari mwiza, ngo kuko hasanzwe hari abaganga bakwiye mu gihugu.

Iryo shirahamwe kandi ryemeza ko kuzana abaganga bavuye muri Cuba bizobera intambamyi imigambi yo kunagura ubuvuzi muri Kenya hamwe no kwongera imishahara.

Mu mwaka uheze abaganga bo muri Kenya bahagaritse akazi amaze atatu bavuga ko bahembwa nabi kandi bakagira ibikoresho bitakwiye.