Cuba yahaye Kenya abaganga bo gufasha mu turere bakenye

Abaganga bo muri Cuba bariko baravuga umuntu yakomeretse

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanga bo muri Cuba baje gufasha gukemura ikibazo c'ubukene bw'abaganga mu turere twa kure

Abaganga mirongo itanu bavuye mu gihugu ca Cuba bashitse muri Kenya, mu twigoro two kwongera ibikorwa vy'ubuvuzi cane cane mu turere dukenye abaganga.

Abandi baganga 50 b'abahinga vyitezwe ko bashika mu mpera z'ino ndwi hakurikijwe umwumvikano uzotuma abaganga benshi bo muri Kenya bahabwa inyigisho muri Cuba.

Ariko rimwe mu mashirahamwe y'abaganga yo muri Kenya ryavuze ko uwo mwumvikano atari mwiza, ngo kuko hasanzwe hari abaganga bakwiye mu gihugu.

Abaganga bo muri Kenya bariko barabaga umurwayi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Rimwe mu mashirahamwe y'abaganga muri Kenya ntirishima kuzana abandi baganga bavuye hanze

Iryo shirahamwe kandi ryemeza ko kuzana abaganga bavuye muri Cuba bizobera intambamyi imigambi yo kunagura ubuvuzi muri Kenya hamwe no kwongera imishahara.

Mu mwaka uheze abaganga bo muri Kenya bahagaritse akazi amaze atatu bavuga ko bahembwa nabi kandi bakagira ibikoresho bitakwiye.