Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abaganga bari bapfunzwe muri Kenya barekuwe
Abaserukira abandi mu baforoma n'abaganga bari muri yegereyegere muri Kenya bari bapfunzwe kubera batubahirije itegeko rya sentare ryabategeka kubuza abo baserukira gukomeza yegereyegere.
Imibonano hagati ya leta n'abaganga biravugwa ko nayo igiye gusubira gutangura mu nzira yo guhagarika iyo yegereyegere imaze amezi abiri.
Iyo myiyerekano yabangamiye cane cane ibikorwa vy'ubuvuzi mu bitaro n'amavuriro ya leta.
Abaganga bagiye muri yegereyegere kubera umwumvikano bagiranye na leta mu mwaka wa 2013, wo kubongera umushahara, ibikoresho hamwe n'imiti mu bitaro vya leta, utigeze ushigwa mu ngiro.
Mu bitaro vy'abigenga hamwe hamwe bari bahagaritse ibikogwa kuva ejo, kugeza aho abo bagenzi babo indwi bo mu bitaro vya leta bari batawe muri yompi barekugwa.