Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ifatwa ku nguvu ry'umunyeshure muri Kenya ryateje imyiyerekano
Abahora biga kw'ishuli ryisumbuye Moi Girls High School i Nairobi bari mu myiyerekano kw'irembo ry'iryo shuli, inyuma yaho umwe mu banyeshuli baho afatiwe ku nguvu ku munsi wa gatandatu.
Abanyeshuli bavuze ko abagabo batatu binjiye mu buryamo bw'abakobwa, basambanya ku nguvu umwe muribo mu gihe abandi babiri bashoboye guhunga.
Bamwe mu bari mu myiyerekano bari bambaye umwambaro wo kuri iryo shuli, abandi bitwaje ivyapa.
Umwe mu bari mu myiyerekano yari yiyambitse nk'uwibugenze, aririmba mu giswahili ati: "Umwana navyaye nta burenganzira afise."
Ikigo c'imboneshakure gikorera mu gihugu cerekanye amasanamu ya video y'iyo myiyerekano.