Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya igiye gutanga ibitambara vyo mu butinyanka
Ubutegetsi bwa Kenya bwavuze ko bugiye guha abakobwa b'abanyeshuli ibitambara vyo mu butinyanka (Kotex) hakurikijwe itegeko ryerekeye ivy'indero Prezida Uhuru Kenyatta aherutse gushirako umukono.
Iyo nkuru yamenyesherejwe ku rubuga rw'umukuru w'igihugu inyuma y'umutaga.
Iryo tegeko ryaheruka gusubirwamwo n'inama nshingamateka, ngo bibe ngombwa ko leta iha abakobwa biga ivyo bitambara.
Ino ni intsinzi nini mu kurondera guteza imbere indero y'abakobwa.
Mu gihe leta yahora itanga ivyo bitambara ku mashuli amwamwe, ayandi ntiyabironka, bigatuma bamwe mu bakobwa basiba ishuli iyo bari mu butinyanka kuberako badashobora kuronka amahera yo kubigura.
Rino tegeko rishasha rizotuma abakobwa baguma biga badahagaritse amashuli.