Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Maduro yatsinze amatora ya prezida muri Venezuela
Prezida wa Venezuela, Nicolas Maduro yatsinze ayo matora atitabiriwe n'umugambwe utavuga rumwe na reta, akaba agiye kurongora ico gihugu mu kiringo ciwe kigira kabiri.
Kubera ibura ry'ibifungurwa riterwa n'ubutunzi bwifashe nabi, ibice 46 kw'ijana gusa ni bo bitabiriye ayo matora.
Uwutavuga rumwe na reta akomeye cane Henri Falcon yiyamirije ivyavuye muri ayo matora akirangira.
"Ntitwemera ko aya matora yari akurikije amategeko..ni ngombwa ko haba ayandi matora mu gihugu ca Venezuela", ni ko yavuze.
Ku bice birenga 90 kw'ijana vy'amajwi yaharuwe, Maduro yaronse ibice 67.7 kw'ijana mu majwi imiliyoni 5.8- ni ko umukuru w'akanama k'igihugu kajejwe amatora Tibisay Lucena yatangaje.
Falcon yaronse ibice 21.2 kw'ijana- ku majwi umuliyoni 1.8.
Ivyavuye mu matora vyakiriwe gute?
"Baransuzuguye jewe," aho Maduro yariko arashikiriza ijambo abayoboke biwe imbere y'inyubakwa ya prezida i Caracas, aho haciye hashirwa mu kirere impapuro zifise irangi ritandukanye.
Falcon yavuze ko amajwi yibwe kugira ahabwe Maduro, hakoreshejwe gukoresha nabi ikarata zikoreshwa mu gutanga imfungurwa.
Abategetsi bavuga ko ayo matora " yabaye mu mahoro no mu mwidegemvyo" ariko abatavuga rumwe benshi baranse kuyitaba.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Aerika Donald Trump bivuga ko batemera ivyavuye muri ayo matora.
Kuri Twitter, imbere y'uko ayo matora atangura, ubutumwa bwa Amerika bugenewe Onu bwavuze ko ayo matora ari "agasuzuguro ka demokrasi."
Ayo matora yotegerejwe kuba mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2018, ariko inama nshingamateka y'ico gihugu igizwe ahanini n'abayoboke ba Maduro, yaciye iyigiza inyuma.
Urunani rw'abatavuga rumwe na reta rwa 'Democratic Unity' ruvuga ko ayo matora yabaye kugira bakoreshe akaryo keza muri iki gihe urwo runani rwacanyemwo.
Abashaka kwitoza babiri bakomeye na bo barabankiye kwitoza mu gihe abandi bahunze.