Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Venezuela: Abagwanya reta babujijwe kuja mu matora ya 2018
Prezida wa Venezuela, Nicolas Maduro, avuga ko imigambwe ikomeye itavuga rumwe na reta idashobora kuja mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe mu mwaka uza.
Yavuze ko imigambwe yonyene izoja mu matora y'abakuru b'ibisagara ku w'Imana ari bo bonyene bazoja mu matora y'umukuru w'igihugu.
Abategetsi b'imugambwe ya Justice First, Popular Will na Demovratic Action yarikuye muri ayo matora, ivugako atarimwo umuco.
Prezida Maduro avuga ko uko amatora akorwa muri Venezuela yubahiriza amategeko.
Mw'ijambo ryiwe ryo ku musi w'Imana, yavuze ko imigambwe itavuga rumwe na reta "itakigaragara kw'ikarata ya politike".
"Umugambwe utagiye mu matora y'uyu musi, ugahamagarira abantu kutayitaba, ntushobora kuzoja mu yandi matora", ni ko yavuze.
Mu kwezi kwa cumi, iyo migambwe itatu itavuga rumwe na reta yamenyesheje ko ishobora kutaja muri ayo matora yo kuri uyu w'Imana, ivuga ko ari ayashigikira ubutegetsi bw'igitugu bwa prezida Maduro.
Prezida Maduro avuga ko umugambwe wiwe watsindiye ibisagara 300 kuri 335 vyahiganiwe.
Akanama kajejwe gutegura amatora kavuga ko ibice 47% ari vyo vyitavye amatora.
Venezuela imaze imisi mu bibazo vy'ubutunzi aho hari ibura ry'ibintu vya nkenerwa.