Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UE yafatiye ibihano abategetsi bo muri Venezuela
Umuryango w'ubumwe bw'Uburayi (UE) wemeje ku mugaragaro ibihano wafatiye abategetsi bo hejuru barindwi bo muri Venezuela.
Ibi birerekana impungenge uwo muryango utewe n'ikibazo cya politiki kivugwa muri ico gihugu cyo mu majyepfo ya Amerika.
Ministri w'intebe wa Venezuela n'umukuru w'urukiko rw'ikirenga bari muri abo bafatiwe ibihano byo gufatirirwa umutungo no kudakandagiza ikirenge mu bihugu bigize uwo muryango.
Ibi bihano byibasiye abategetsi bafite umutekano mu nshingano zabo bashinjwa ibyaha by'ihohotera byakozwe cyane cyane igihe habaga imyigaragambyo irwanya leta yabaye umwaka ushize ikagwamo abantu barenga ijana.